27/05/2024
Ntawudashima kuroranirwa atavunitse cane! Ariko, kuroranirwa ningoga mu mugambi watanguje birafise ingaruka mbi muri kazoza k'ivyo ukora.
Uti gute? Barayamaze ngo ikitakuvunye ntumenya agaciro kaco. Ivyo bisobanura iki ku watanguje umugambi agaca atangura kuronka umusaruro atavunitse, ata twigoro shingiro yagize? Aha dushatse kuvuga bamwe batangura imigambi bafise aba mu nzego runaka mu masosiyete canke mu ntwaro baca babaha amasoko? Abo bantu bakunda kutarondera ubumenyi bushobora kubafasha kuzigama no guteza imbere imigambi yabo. Barakunda k***a mu mutego wo gusesagura itunga ry'ibikorwa vyabo.
Ubona gute utwegereye tukagufasha kugira ubumenyi abashaka kwitanguriza imigambi bakeneye kugira?
Ubona gute Twese Twige Burundi n'abo bakorana bakubereye umuherekeza mu gutunganya imigambi yawe?