26/10/2026
Iyaba twokwamye twiyamiriza amabi arigukorwa n'abategetsi nkaba banyabusangana bikayanza, Uburundi bwoteye imbere
__________________________________________________
Busangana : abanyagihugu bagumutse, bariko biyamiriza amanyanga ari mw’itangwa ry'ifumbire.
Aha ni Busangana muri komine Matongo y’ubu. Abanyagihugu bazibiye ibarabara rikuru (RN1). Imodoka zivuye i Bujumbura ntizirengana ngo ziduge mu Kayanza, iziriko zimanuka i Bujumbura nazo nyene ni uko nyene. Uruja n'uruza rwahagaze, haboneka umurongo muremure w’imiduga.
Aba banyagihugu bavuga ko bari bararitswe gutora ifumbire yabo. Bahageze natangaye uwarihiye ibiro 16 bamuha ibiro 12. Abanyagihugu banse kwemera ubwo busuma n’ako karenganyo.
Pacifique Nininahazwe