12/09/2026
Indongozi nziza ni iyibera akarorero keza abo irongoye na cane cane mukubitangira imbere mubikorwa vy'iterambere rusangi.
Ayo niyo majambo yakoreshejwe n'umunyamabanga wa muri zone , arikumwe n'uwuhagarariye iyo zone nyene mu ntwaro aho bari bazindukiye mubikorwa rusangi barikumwe n'abatware bose kuva muri nyumbakumi, mubucimbiri, kumitumba no muri zone, hari kuri uyu wa 12/9/2026 aho bari bazindukiye mubikorwa vyo kwimba imikobeko ahari igitara c'umurima w'amavoka akukira Abagumyabanga bo muri zone .
, Umunyamabanga muri zone yagize ati: iki nico gihe co kubera akarorero keza abo turongoye, ndanezerejwe cane no kubona iki gikorwa c'uyumusi cari icindongozi gusa uhereye munamashingiro kugera kurwego rwa Zone. Twipfuzako dukomereza kwuyu murindi, habe umusi wogukorera hamwe ibikorwa vy'iterambere nk'indongozi hama dufate n'uwundi musi wo gukorera hamwe n'abanegihugu bose dusanzwe duserukira.
, ahagarariye zone Nyagisozi muntwaro nawe ati: Dukomeje nkuku tumeze uyumusi, biraboneka nezako kugera kumbonokazoza ko vyotworohera cane, ibintu vyose bipfira muri twebwe indongozi, tugiye imbere birorosheko abo turongoye batuja inyuma hama tugakora bigashimwa. Ubutunzi dufise bukomeye ni ubumwe bwacu n'inguvu zacu. Turi kumwe ntakizonanirana. Uyumusi tubikoze turi indongozi gusa, mundwiza twipfuzako tuzoba turi twese.
Basozereye bashimira cane indongozi zose zitavye ivyo bikorwa rusangi banabasaba no kuja kubibandaniriza mumanyumbakumi bahagarariye.