Akanyaburunga

Akanyaburunga Abarundi. Ikirundi. Mu kirundi. Imigēnzo n'ámatêká yarânze bā sógokúru na sógokúruza. Amayagwa mpūzangeri. Culture, what a big personal identification!

On this page, publish, share, comment and live the Kirundi Culture!

28/08/2026

🥳🥳🥳🥳 Ni uko kw'isaha nk'iyi, umutumire wa rinjora aba aradushwayemwo.

Uno mugoroba ntuja kuba woroshe.

Rinjora ya Myandagaro imota uburyohe gusa. 😍😍😍

👏 Aho hambere, umusi mukuru w’umuganuro ugihimbazwa mu Burundi umwami agahezagira imbuto akongera agacana umucanwa musha...
11/06/2026

👏 Aho hambere, umusi mukuru w’umuganuro ugihimbazwa mu Burundi umwami agahezagira imbuto akongera agacana umucanwa mushasha, Abarundi baribuka ubucuti basangiye, ubumwe bishingiye ku mico n’imigenzo hamwe n’ukwemera kwabo.

😍 Twibukanye uko uwo musi mukuru wagenda, intambuko nkurunkuru zawo. Twifashisha ivyandiko vya Joseph Rugomana na Firmin Rodegem citwa “Inkuru y’umuganuro uko wagirwa kera”.🤗

💍Twibukanye ibice bikurubikuru vyari bigize urubanza rw’ubugeni. Bikomoka mu ntangamarara y’igitabu c'Umwigisha Ndimuruk...
06/06/2026

💍Twibukanye ibice bikurubikuru vyari bigize urubanza rw’ubugeni.

Bikomoka mu ntangamarara y’igitabu c'Umwigisha Ndimurukundo Barbara Kururu Antologie des épithalames burundais.

“Kubandwa, ni irivuga rigobotowe mu rivuga kubanda. Kubanda ni nka kurya abantu bagundana cane iyo ari benshi. Baca bavu...
03/06/2026

“Kubandwa, ni irivuga rigobotowe mu rivuga kubanda. Kubanda ni nka kurya abantu bagundana cane iyo ari benshi. Baca bavuga ngo barabandana. Uwubandwa rero bavuga ko abandwa na Kiranga. Ngo Kiranga aba amuhagazeko. Ni ukuvuga ko Kiranga abanda umutima w’uno muntu. Ni co gituma uwubandwa bamwita, imbandwa, imandwa.” Iyo ni indangurakintu itangwa n’umutohoji Patiri Adiriyano Ntabona.

Isôko: Yaga

Ingo mutubwire, iyi myibutsa isigura iki ?
01/06/2026

Ingo mutubwire, iyi myibutsa isigura iki ?

Heraheza  canke utangure !
30/05/2026

Heraheza canke utangure !

Kwibutsa ✨🎭♥️Ya saha nyene, muri ca kibanza nyene mushike turinjore. Kaze !!!!MN: Abana ntibariha kandi n'abakuze ni BIF...
23/04/2026

Kwibutsa ✨

🎭♥️Ya saha nyene, muri ca kibanza nyene mushike turinjore.

Kaze !!!!

MN: Abana ntibariha kandi n'abakuze ni BIF 5 000 gusa.

🤩🔥🔥🔥 Abari i Ngozi turajeee. Duhurire kuri Universite de Ngozi kuri ayo masaha. Uze uzaniyeko umugenzi nturyoherwe wenye...
26/03/2026

🤩🔥🔥🔥 Abari i Ngozi turajeee.

Duhurire kuri Universite de Ngozi kuri ayo masaha. Uze uzaniyeko umugenzi nturyoherwe wenyene.

Kaze!

☪ Amagenekerezo makurumakuru y'umuzo w'abayisilamu mu Burundi.
19/03/2026

☪ Amagenekerezo makurumakuru y'umuzo w'abayisilamu mu Burundi.

Twagarutse na ya mazina mwatubaza. Ba  ,  , .kwizera  n'abandi, iyo amazina y'amatazirano mwiswe muyitwa mu kirundi mwar...
17/03/2026

Twagarutse na ya mazina mwatubaza.

Ba , , .kwizera n'abandi, iyo amazina y'amatazirano mwiswe muyitwa mu kirundi mwari kwitwa gute ?

Tubwire nimba mwayakunze mu kirundi muri "commentaires".

Address

Mutanga

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Akanyaburunga posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Organization

Send a message to Akanyaburunga:

Shortcuts

Share