Province Gitega J.P.G

Province Gitega J.P.G Promotion: Nous accueillons vos Pub Reportage audio visuel sur les travaux de développement

02/09/2026

Ingendo z’abakenguzamateka zo kurimbura intambwe indongozi zo mu makomine bagezeko mu gushira mu ngiro intumbero ya Reta yo kwegereza ubutegetsi abenegihugu, inyuma y’umwaka bari ku kivi

  Umutambukanyi w'Umukuru w'igihugu Angeline Ndayishimiye asaba Abenegihugu gukora buri gihe imyimenyerezo ngororamubiri...
02/09/2026

Umutambukanyi w'Umukuru w'igihugu Angeline Ndayishimiye asaba Abenegihugu gukora buri gihe imyimenyerezo ngororamubiri mu ntumbero yo kugira amagara meza, kanatsinda ngo imyemenyerezo ngororamubiri, ha ruhande yo gufasha umubiri kumererwa neza, ituma umuntu yamana umutima ukeye kandi unezerewe.

Ivyo akaba yabishikirije kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 1 Nyakanga 2026 aho mugihe yari yifadikanije n'abenegihugu bo mu gisagara ca mu myimenyerezo ngororamubiri muri wa mugambi yatanguza wo gukangurira abantu gukunda ibikorwa vyo kwinonora imitsi.

Umutambukanyi w'Umukuru w'igihugu aributsa ko umugambi wo kwinonora imitsi utegamiye imigambwe, amadini aya canke ariya ahubwo ko ari umugambi uraba abantu bose. Ku bwiwe ngo kwinonora imitsi ni igikorwa co guhozako.

Abitabivye iyo myimenyerezo ngororamubiri bahuriye hagati mu gisagara ca . Batanguye batambuka bukebuke baca ku cibutso c’incungu y’ukwikukira Rudoviko Rwagasore. Bagenda baravyina , batambuka bongera bacishamwo biruka. Baciye bamanukana ibarabara rica ku bitaro vy'akarere vya , hanyuma baca ku Masanganzira ya , na baca bafata ibarabara rija i .

Umutambukanyi w'umukuru w'igihugu Angeline Ndayishimiye akaba yahise araramutsa abana barerewe mu kigo c’impfuvyi orphelinat aho bari bamutegereye. Bavuye aho baciye hafi y'igisata ca kaminuza y'Uburundi ISA, babandanya muri Quartier , maze urwo rugendo rusozererwa kw’ishure ry’imyuga riri muri Quartier ari naho basozereye iyo myimenyerezo ngororamubiri.

‎ :   igiye kuba ku ncuro ya kane ‎‎Kubakunzi b’indirimbo mpimbaza Mana,Yarikuzi Event igiye kuba ku ncuro ya kane. Isan...
01/09/2026

‎ : igiye kuba ku ncuro ya kane

‎Kubakunzi b’indirimbo mpimbaza Mana,Yarikuzi Event igiye kuba ku ncuro ya kane. Isango n’igenekerezo ni kuri uyu w'Imana igenekerezo rya 6/9/2026, mu gisagara ca Gitega kuri Arbre du Centre. Kwinjira akaba ari kubuntu.

‎Kubwa Clovis King, ngo Yarikuzi si ishengero, ahubwo ni abantu bahurira hamwe bagahimbaza Imana. Yarikuzi ntabwo ari ishengero, impande zose ntawukumiriwe kuko n’ikanguro. Ivyo yabishikirije mu kiganiro n’abamenyesha makuru aho yariko atumirira abantu kwitabira ico giteramo.

‎Muri ico gikorwa hazoba hari n’abandi nka La Famille des Adorateurs, hama kandi amashengero n’abandi bose babitahura barashigikira mu buryo ubu canke buriya haba mubikorwa no buryo.

‎Abazoza ngo boza biteze kubona Imana kuko Imana izi umuntu wese uhereye kuva ku kuremwa kwiwe. Intumbero ya Yarikuzi Event rero ngo ni uko abantu bahinduka. Hampande ya Famille des Adorateurs, hazoba kandi n’ubutumwa bwiza bwubaka imitima.

‎Kuvyerekeye umwanya, abateguye giteramo bavuga ko isaha yateguwe igiteramo kizoba gitanguye nayo aka ari isaha cumi zo ku muhingamo gushika isaha zitatu.

‎Basaba ko abantu bozinduka kuko ibibanza bizoba biharuye. Abazocerwa bashobora kubura aho bicara. Muri kazoza kandi ngo baripfuza kuzokorera n’ahandi, ariko bisaba umwanya.

‎Murahawe ikaze kwironkera imigisha y’Imana.

  : le   relance la concertation entre les acteurs du Ministère de la Santé Publique et de la Lutte contre le Sida / Bur...
01/09/2026

: le relance la concertation entre les acteurs du Ministère de la Santé Publique et de la Lutte contre le Sida / Burundi

Le Bureau provincial de la santé de Gitega a organisé, ce mardi 1er septembre 2026, une réunion du Cadre de concertation des partenaires pour la santé et le développement ( ), après six mois d’interruption. Appuyée et cofinancée par plusieurs partenaires, dont Médecins Sans Vacances ( ), cette rencontre vise à renforcer la coordination des interventions en faveur de la santé de la population.

La réunion a réuni notamment le représentant du Secrétaire permanent du ministère de la Santé publique, le Médecin directeur de la Province sanitaire de , la représentante de MSV, le Commissaire provincial de la Police, les administrateurs communaux, les responsables des services provinciaux et sanitaires, les médecins chefs de district ainsi que des représentants des confessions religieuses.

Une reprise après six mois

Les réunions du CPSD sont normalement organisées tous les trois mois. Toutefois, la dernière session remontait à six mois, notamment en raison de difficultés de financement, selon le responsable du Bureau provincial de la santé de Gitega.
La reprise de ces rencontres a été rendue possible grâce à l’appui des partenaires au développement. Elle a également servi de cadre à la présentation d’un nouveau programme appelé , qui sera prochainement mis en œuvre dans la province de Gitega.

Le programme Health Impact Coalition( HICO) présenté

Madame Marie-Louise NDAYISHIMIYE qui a représenté Médecins Sans Vacances a salué la collaboration entre les partenaires au développement et les autorités sanitaires de la province Gitega estimant que cette collaboration contribue au renforcement des interventions destinées à améliorer la santé de la population.

Elle a précisé que cette rencontre constituait également une occasion de tenir au courant les acteurs du nouveau programme HICO Burundi qui débutera en 2027 auquel participeront en consertium Médecins Sans Vacances ( lead),Mémisa Bélgique , Médecins du Monde, Action Damien, Just See, Chaine d'espoir Bélgique en appui aux efforts des autorités sanitaires de Gitega.

Les participants ont ainsi été invités à prendre connaissance des différentes composantes du nouveau programme HICO Burundi , de ses orientations et de ses perspectives d’intervention dans la province.

La synergie entre les secteurs encouragée

Dans son mot d’ouverture, la conseillère chargée des affaires socioculturelles, Alice Nshimirimana, a insisté sur l’importance de la collaboration entre les différents acteurs pour atteindre les objectifs de développement du pays, conformément à la Vision Burundi 2040-2060.

Elle a rappelé que la population de Gitega bénéficie de l’accès aux soins à travers les différentes formations sanitaires de la province, placées sous la supervision des districts sanitaires et coordonnées par la Province sanitaire.

Toutefois, l’amélioration durable de la santé de la population nécessite l’implication de plusieurs secteurs, a-t-elle souligné.

« La santé de la population n’est pas l’affaire des seuls professionnels de la santé », a-t-elle fait observer, appelant à davantage de synergie dans la mise en œuvre des plans d’action.

Partager les acquis et relever les défis.

Le CPSD constitue un mécanisme de coordination des partenaires du secteur de la santé. Il découle des recommandations de la Table ronde des bailleurs de fonds du Burundi, tenue à Bujumbura les 24 et 25 mai 2007, qui avaient notamment préconisé la mise en place d’un Groupe de coordination des partenaires.

Fonctionnant aux niveaux national et déconcentré, notamment dans les provinces sanitaires, ce cadre permet aux différents intervenants de partager leurs réalisations, d’identifier les défis et de rechercher ensemble des solutions aux difficultés rencontrées dans la mise en œuvre des interventions sanitaires.

À l’issue de la rencontre, les autorités sanitaires provinciales souhaitent que les réalisations de la Province sanitaire de Gitega soient davantage connues des membres du CPSD et que les partenaires puissent renforcer leur contribution au développement du secteur de la santé.

Musitanteri wa komine Kiganda Diane Irakoze, abicishije kw'ishirahamwe Fondation Mukambibe batanze kuri iri genekerezo r...
31/08/2026

Musitanteri wa komine Kiganda Diane Irakoze, abicishije kw'ishirahamwe Fondation Mukambibe batanze kuri iri genekerezo rya 31 Myandagaro 2026 ibikoresho vy'ishure kurwaruka rw'abanyeshure babasangwabutaka bo muma zone ya Kiganda, Renga na Kanyami. Ivyo bikoresho vyari bigizwe n'amakaramu, amakaye yomubwoko butandukanye, udukoresho two guca imirongo, igome zo gufuta, amakereyo, amasakoshe, boîte mathématicale n'ibindi.

Umunyeshure umwe wese yaronswa ibikoresho bikwiye bivanye n'ishure agezemwo. Batanze kandi amabati yo gusakara inzu zo muri site Burenza n'ahandi hahurikiye abatwa. Abo banyeshure baronkejwe ibikoresho bashika 163 basabwe gufata neza ivyo bikoresho narirya harimwo isakoshe zokubitwara no kubibika neza.

Musitanteri Diane Irakoze mw'ijambo ryiwe, yakengurukiye Fondation Mukambibe, mbere yabakeje kubona bahereye kumiryango y'abasangwabutaka kuko aribo bakiri inyuma mw'iterambere ugereranije n'iyindi miryango . Yasavye abo basangwabutaka kwijukira ishure kuko ariho hasigaye urufunguruzo rw'iterambere rirama. Yakebuye ariko imiryango imwe imwe igikwega amaguru mukwandikisha ibibondo bibarutse kuko mu kwiga ngo hasabwa kuba barandikishije abana babo mubitabu ndagamuntu.

Ikindi kandi, kugurisha ibikoresho vyatanzwe ngo ni umuziro kuko uwuzofatwa azoca ahanwa kandi bimwe vy'akarorero. Iryo shirahamwe Mukambibe ngo rigiye kwigisha abo baronkejwe ibikoresho kwiteza imbere kugira ntibazame bateze amashi ngo ninaho boshikira yambonokazoza y'igihugu cifashe kandi giteye imbere.

‎  :   🏀‎‎Rya higanwa ryateguwe n'ishirahamwe ry'umupira w'amaboko   mu ntara ya Gitega   ryitiriwe  ,mu ntumbero yo gus...
30/08/2026

‎ : 🏀

‎Rya higanwa ryateguwe n'ishirahamwe ry'umupira w'amaboko mu ntara ya Gitega ryitiriwe ,mu ntumbero yo gusezera urwaruka rwahora mu buruhuko ryarangiye kuri uyu wa 30/8/2026.

‎Urukino rwatanguriye Final arirwo petite Finale rwahuje umurwi wa na ,rwarangiye itsinzwe na ku manota 64 kuri 57 ya .

‎Urukino rwa nyuma arirwo Grande Finale rwahuje na narwo rwarangiye kuntsinzi y'amanota 35 kuri 48 y'Urunani_B.

‎Umwe mubafashije gutunganya izo nkino yaje aherekeje iyo mirwi yo mugisaga ca Bujumbura yashimye kuba uwurongoye yaremeye ko baza gukinira i Gitega kuko inkino zihuza.Yakengurukiye abahagarikizi ukuntu bitanze.Yasavye ko abanyagitega nabo kobabagendera i Bujumbura. Acabasaba bokwijukira kumenyereza urwaruka kugira imiwi yabo ikomere.

‎Kuruhande rw'uwurongo ishirahamwe ry'umupira w'amaboko mu ntara ya Gitega Aimé Mpawenimana nawe yashimiye abitavye iryo higanywa anavuga ko biyemeje guteza imbere basketball mu ntara ya Gitega.

‎Ubu ngo bagiye gushira inguvu no kwitaho guteza imbere urwaruka kugira rukomere.

‎Nubwo rero bakiri kurugero rwo hasi i Gitega ngo bagiye gukora ibishoboka vyose bafashijwe n'abemeye gushigikira (partenaire ), Aimé Mpawenimana avuga ko vuba bagiye gutangura gutunganya amahiganywa ku buryo i Gitega hazoboneka umurwi ushobora guhangana n'imirwi yo mugisagara ca bakayitsinda.

‎Mwomenya ko imirwi yose yakinye ihiganywa yaronkejwe akabahasha hama umurwi wambere wongera uronswa n'igikombe.

🏀   –  🏀Kuri uyu wa Gatandatu, igenekerezo rya 29/8/2026, mu ntara ya   habaye inkino z'umupira w'amboko ( )zitiriwe  , ...
29/08/2026

🏀 – 🏀

Kuri uyu wa Gatandatu, igenekerezo rya 29/8/2026, mu ntara ya habaye inkino z'umupira w'amboko ( )zitiriwe , mu ntumbero yo gusezera urwaruka rwahora mu buruhuko. 🎉🏀

Izo nkino zose zateguwe n'ishirahamwe ry'umupira w'amaboko mu ntara ya Gitega ( ) zikaba ziriko zibera Ku kibuga c'umupira w'amaboko mugisagara ca Gitega.

Inkino zahuje imirwi yo mu ntara ya Gitega n’iyaje iva mu gisagara ca .

🔥 Urukino rwa mbere rwarangiye kumanota
38 ya kuri 55 ya
➡️ ABC Bujumbura iba itahukanye intsinzi.

🔥 Urukino rwa kabiri rwarangiye kumanota
49 ya na 66 y'
➡️ Urunani rwo mu gisagara ca Bujumbura ruba rutahukanye intsinzi.

📅 Ejo harategekanijwe izindi nkino bataziriye Petite Finale na 🏆 Grande Finale

Izo nkino zizohuza iyo mirwi yose yatsinze n’iyatsinzwe mu nkino za mbere.

⏰ Urukino rwa mbere ruzotangura isaha zine.
⏰ Urwa kabiri rutangure isaha zitandatu.

🔥 Ntimuzocikwe izo nkino!

🎟️ Kwinjira:
• 2.000 FBu ku mpande
• 5.000 FBu muri tribune zo ku ruhande
• 10.000 FBu muri tribune VIP

🏀🔥 – !

29/08/2026

Ihimbazwa ry'umusi wahariwe imbonerakure Ku ncuro ya cumi.

28/08/2026

Ku musi w’Imana naho i Gitega ntutamngwe mu kirori AGAKURA TOUR! 🔥🔥🔥

Mu kiganiro Busco ihejeje guha abamenyeshamakuru ku munsi w'Imana hazoca uwambaye; izoba yazanye abaririmvyi:

🎤 Mkombozi Lucifer
🎤 B-face On The'flo
N’abacomediens :
😂
😂 Ismael Gasore comedian
😂 Mutima Le Comédien

👉 📱 Raba uko vyose bitunganije ngaho :

 : Ubushikiranganji bw'ibidukikikije, uburimyi n'ubworozi bwarashikirije kuri uyu wa 27 myandagaro 2026 ingomero zo kuvo...
28/08/2026

: Ubushikiranganji bw'ibidukikikije, uburimyi n'ubworozi bwarashikirije kuri uyu wa 27 myandagaro 2026 ingomero zo kuvomera imirima yo mu ci ku mutumba wa muri zone iri muri komine .

Nk'uko vyigaragaza mu mirima y'abenegihugu bo muri ako karere, abarimyi bariko baravomera imirima igizwe canecane n'ibitunguru, amashu, ibiraya n'ibindi bariko baravomera. Ivyo rero bikaba bigaragaza kandi ko imbonakazoza y'igihugu cifashe kandi giteye imbere abenegihugu bo muri iyo zone bamaze kuyitahura, umunwa uronke ico ufungura n'amafaranga adasigaye inyuma.

Address

Gitega

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Province Gitega J.P.G posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Organization

Send a message to Province Gitega J.P.G:

Shortcuts

Share