Mu vy'ukuri Biblia yigisha iki?

Mu vy'ukuri Biblia yigisha iki? Contact information, map and directions, contact form, opening hours, services, ratings, photos, videos and announcements from Mu vy'ukuri Biblia yigisha iki?, Library, Bujumbura.

Abantu benshi Bibliya ntibayibona kumwe.Bamwe babona ko ari nk'ishamba ritamenwa,abandi bati yuzuye ibitito n'imigani,abandi bati yuzuy ukuri kandi iratahuritse!Muri ino page rero tuzorabira hamwe ico yigisha koko,tunabeshuze inyigisho z'ibinyoma.

Amahoro !Iyi Ndirimbo ibahezagire ! N'indirimbo iryoshe cane!
25/05/2026

Amahoro !Iyi Ndirimbo ibahezagire ! N'indirimbo iryoshe cane!

Iyi ndirimbo yerekana uburyo butandukanye uwutizera n’uwizera babona Imana.Uwutizera abona Imana nk’ikintu giteye ubwoba,nk’Umuranduzi.Mbere umuzo wayo kuri ...

25/05/2026

UKWEMERA KW'ABADAYIMONI.
-------------------------------------------------
Dusoma mu gitabu ca Yakobo ngo:
"Wemera kw'Imana ari imwe.Ugize neza,abadayimoni nabo nyene baravyemera bagahinda abash*tsi."Yakobo 2:19.

Uyu murongo werekana ingingo zine(4) nyamukuru zihambaye:
-Ukwemera s'ukw'abantu gusa ahubwo n'abadayimoni nabo baremera.
-Imana n'imwe kandi ivyo n'abadayimoni baravyemera.
-Abadayimoni bazimiza abantu nabo ubwabo bazi neza ko ataribo Mana.
-Iyo abadayimoni bibutse Imana bibatera ubwoba.

Abadayimoni barabaye mw'ijuru,barazi Imana kuturusha ariko ukugarariza kwabo kw'abatandukanije n'Imana kandi nta mahirwe yo kwihana bagifise.Ivyo bibatera ubwoba.
Abana b'abantu nabo baracafise Ayo mahirwe yo kwihana ariko Imana ya benshi ntihindira agash*tsi imbere y'Imana kubw' ivyaha bakora.Abo bapfusha ubusa ubuntu bwa Yesu.
Hari imitima ikora ivyaha na Satani agatangara.Uko umuntu yimenyereza gukora ivyaha Niko arushaho kudobera rwose muri ivyo,gutyo akisanga ata caha agitinya.
Abadayimoni n'aho bahinda agash*tsi ntibahagarika gushuka abantu mu vyaha.Ninako hari n'abantu bakora ivyaha a,mbere bikababaza ariko ntibabihebe,ngo bavyihana.Ariko imvugo ya Yakobo mur'uwo murongo,yerekana ko abadayimoni batinya Imana kurusha ikiremwa muntu,n'aho badahinduka.
Muhezagirw !

Muhezagirwe n'aka karirimbo!
25/04/2026

Muhezagirwe n'aka karirimbo!

39 likes, 28 comments. "HALELUYA AMEN BY HEAVENLY FAMILY CHOIR"

Amahoro bakundwa!Aka karirimbo kabarwe neza.
22/12/2025

Amahoro bakundwa!Aka karirimbo kabarwe neza.

Iyi ndirimbo "ISHENGERO" twayanditse ngo twibutse ababa kw'Isi, agaciro ko kuba mu muryango w'Imana, ariryo Shengero. Kandi twongere tubamenyeshe ko Imigisha...

25/10/2025

_Utey intambwe yo gusiga Satani,aguhomako.
_Iyo uriko uraba umuntu ,aba satani baguhomako.
-Mose asize Egiputa,Farawo aja inyuma.

Kuba imbere y’Imana bivuga iki none?

- kuba imbere y’ubucamanza bw’Imana. Zekariya 3:3,kwicuza no kwihana ivyaha. Gusaba kwezwa.
Ni igihe umukristo afata co kwibuka ivyaha vyiwe ,Mpwemu akamuha kwicuza no kwihana.

- *Soumission à la volonté divine* : Kwishira musi y’ubugombe n’ubuyobozi vy’Imana,ni ukwiyegurira Imana mu migendere no mu misengere.Ni ukwumvira amategeko y’Imana utazuyaje.Itanguriro 24:40,Abaroma 6:16

- Ukwirimbura mu bikorwa no mu mico.Mika 6:8)

- Guhagararira amasezerano yawe n’Imana.Guhora wibuka ico wavuganye n’Uhoraho.

Muri make,kuba imbere y’Imana ni gukomeza imigenderanire n’Imana.Kuba connecté ku rugero rw’uko ico uvuze n’Imana idahinyuza.
1Samuel 3:19.
Nikwo kumenya Imana mu ngendo zaw zose kuvugwa mu Migani 3:6.

Murakoze

25/10/2025

IMBERE Y'IMANA. #

Iri jambo ryagiy rikoreshwa cane muri Bibiliya,rikagaragara nk'ikibanza ciza umuntu agomba guhagararamwo ngo adatandukana n'Imana.

Akarorero ni Itanguriro 17:1:""Aburamu amaze imyaka mirongwicenda n'icenda, Uhoraho, aramubonekera, aramubarira, ati Ni jewe Mana Ishobora vyose; uhore ugendera imbere yanje, kand' utungane rwose. ""

Uko niko Uhoraho yabwiye Abrahamu ati: Uhore ugendera imbere yanje.
-Imana inyuma
-Abrahamu imbere.
Binyuranye na bimwe tuvuga ngo Mungu mbere sisi nyuma.
Abrahamu iyo ava imbere y’Imana,yaba atandukanye nayo.

Itanguriro 4:16:""Nuko Kayini ava imbere y'Uhoraho, aba mu gihugu c'i Nodi, ku ruhande rwa Edeni ahahera i burasirazuba."

"Na we amaze kwabira intore, aca asohoka ako kanya: kandi hari mw ijoro."Yohana 13:30

Kayini yavuye imbere y’Imana aba atandukanye nayo burundu.
Yuda yavuye imbere ya Yesu,aba atandukanye na we burundu.

Imana rero ubwo igomba ko duhora tuyigendera imbere.

Ibi ntibivuze ko ataho Imana ija imbere y’ubwoko bwayo ariko Imana igiye imbere har’ubwo iba agaterabwoba.

Akarorero: Mariko 10:32"" Bari mu nzira baduga i Yerusalemu. Yesu yar' abagiye imbere, baratangara, abamukurikira baratinya.".

Ariko iyo ari inyuma yacu,aba hagati yacu n’abansi,akaba ingabo idukingira .Bigatuma buca umwansi ataradushikira.(Inyishu y’Imana ikatugerako tugihema,imigabo y’ikibi itaratugeraho.)

Kuvayo 14: 19-20""Maz' umumarayika w'Imana yahora abagenda imbere, avayo, agaruka inyuma yabo; ya nkingi y'igicu iva imbere yabo, iraza ihagarara inyuma yabo. ija hagati y'ingabo z'Abanyegiputa n'iz' Abisirayeli; ku ruhande rwa bamwe hubikiza igicu, hacura umwiza, ku ruhande rw'abandi haba umuco wo kubonesha mw ijoro: ntibaruha begerana iryo joro ryose""

Bivuze ngo iyo Uwiteka aguma imbere y’ishengero, umwansi yararifata.Ariko arigiye inyuma,yabaye inkinzo.

Kenshi abansi bazanana inyuma.Abaturwanya babiterwa n’uko tuba tubasize,nico bisigura kuzanana inyuma..../....

Address

Bujumbura
13875,COOPEC

Telephone

+25779358427

Website

Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Mu vy'ukuri Biblia yigisha iki? posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Organization

Send a message to Mu vy'ukuri Biblia yigisha iki?:

Shortcuts

Share

Category